Actualités

Ibigiye kurangurwa n’Ubushikiranganji bw’Ikigega ca Leta no Gutunganya Ubutunzi bw’ Igihugu

Nyakubahwa Umushikiranganji w’ikigega ca Leta no Gutunganya Ubutunzi bw’Igihugu yaremesheje ikiganiro n’abamenyeshamakuru,  kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 3 Mukakaro 2020, munyubakwa z’Ubushikiranganji. Intumbero y’ico kiganiro kwari ugushikiriza Abarundi ibikorwa bikuru bikuru bigiye kurangurwa n’ubwo bushikiranganji muri iki kiringo. Navyo ni ibi bikurikira : 
1)    Gushira mu ngiro ibiri mw’ibwirizwa rigenga amafaranga ya Leta mu kiringo ca 2020-2021
2)    Gushiraho ubuhinga bwizewe bukora neza bwo gukurikirana ingene amafaranga ya Leta yegeranywa akinjira mu kigega ca Leta;
3)    Gushiraho ubuhinga bwizewe bukora neza bwo gukurikirana ingene amafaranga yinjiye mu kigega ca leta asohoka. Kugenzura neza ko ariko asohokera ikiri ukuri ata sesagurwa ribaye kandi ko ahabwa ababifitiye uburenganzira;
4)    Gushiraho ubuhinga bwo gukurikirana neza ku mwanya ku mwanya uburyo bwo gusuzuma ko abahawe uburyo bwo kurangura imirimo babukoresheje ico babuherewe;
5)    Kugenzura dufadikanije n’ubundi bushikiranganji canke inzego ko atabariko barahembwa amafaranga ya Leta batari ku kivi canke ko ata bunyonyezi bw’amafaranga mu bijanye n’abakozi ba Leta batabaho baboneka mu mpapuro gusa bwoba buriko buraba;
6)    Gutanguza ihinyanyurwa ry’amabwirizwa n’amategeko agenga itozwa n’ikoreshwa ry’amafaranga ya Leta kugira igikorwa co gutoza no gusohora amafaranga ya Leta kibere mu muco, corohe kandi abatanga amakori n’amatagisi bahimbarwe no kuyatanga kuko bazi ko k’urundi ruhande azosohoka agiye guteza imbere Uburundi n’abarundi gutyo agashigikira imirimo ituma ubwingenge nyakuri bw’Uburundi bwama ari ukuri; 
7)    Gufashanya n’izindi nzego n’ubundi bushikiranganji mu gutunganya ivyokorwa vyisunga ibiri muri ca gitabu c’itunganywa ry’iterambere ry’igihugu cacu mu kiringo ca 2018-2027.
8)    Gukora ibishoboka vyose kugira imigambi yashizwe imbere ikomoka kuri iki gitabu c’itunganywa ry’iterambere ry’igihugu cacu mu kiringo ca 2018-2027 ironke uburyo bwo kuja mu ngiro;
9)    Kubandanya dukora ibishoboka vyose kugira amafaranga mvamahanga aboneke ku rugero rukwiye kugira urudandazwa mpuzamakungu rukorwe ata mitsi iranze kandi ifaranga ryacu ryisubize agaciro; 
10)    Gukomeza ibiganiro n’abanyamitahe baba abo hanze canke ngaha hagati mu gihugu kugira bahurumbire kuza gushinga amashirahamwe afise uburyo bukwiye kandi arama;
11)    Kuba hafi abagwizatunga ba hano iwacu kugira imirimo yabo itere imbere maze ibidandazwa vyabo bishobore guhiganwa no mu makungu ;
12)    Guhimiriza abenegihugu na canecane abafise urudandaza, amazu n’ibindi bokingira ko bokwijukira gukorana n’amashirahamwe y’ubwishingizi; 
13)    Kwubaka inyubakwa y’ikigo OBR igeretse 12 (I Bujumbura) kugira abatangakori bazoshobore gutunganirizwa mu kibanza kimwe boye gupfira ku nzira; 
14)    Kwubaka inyubakwa ikigo OBR gikoreramwo hagati mu gihugu. 
15)    Kuba hafi y’abakozi b’ubushikiranganji, baba abari mu biro vy’ubushikiranganji canke ibisata bitandukanye bikukira ubushikiranganji;
16)    Kugwanya twivuye inyuma igiturire no gusesagura uburyo mu bushikiranganji n’ibisata bibukomokako. Ingingo zitomoye zigiye gufatwa;
17)    Gukorana bimwe biboneka n’abanditsi n’abamenyeshamakuru mu gushikiriza inkuru zitomoye abenegihugu kugira bakurikirane ingene Ubushiranganji buriko burakora, ingene ubutunzi bwifashe. 
Ubushikiranganji buzofata nka nkama icivugo cashimikiweko mw’ihimbazwa ry’isabukuru y’imyaka 58 Uburundi bumaze Abarundi bahabuje intahe yo kwikukira. Ico civugo naco kikaba ari “Ivyo nkora vyose, Ni vyo bihesha Ishusho Uburundi Bwacu”. Kukaba nk’ako, iyi myaka iheze vyaragaragaye ko Uburundi budakenye, ko mugihe ubutunzi bw’igihugu butunganije neza Uburundi bushobora kuvavanura no kuzera inze. Ibisata vyose bikukira ubwo bushikiranganji vyari vyatumiwe kugira ngo igisata  cose ciyumvire uruhara gifise mw’ishirwa mu ngiro