Actualités

Uruganda rwo gusigurira abaserukira intara abarongoye amakomine abahanuzi bajejwe ivy’ubutunzi bo mwizo ntara n’amakomine abanyabigenga muma komine, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ukwo itegeko rigenga amafaranga reta iriko irakoresha mu mwaka wa 2023/2024 ryateguwe, ibirigize hamwe nuko reta yagabanganirije ubwo buryo mu bisata bikuru bikuru bigize i gihugu.

Kuva igenekerezo rya 8 gushika kw’igenekerezo rya 11 Myandagaro Umwaka wa 2023, Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo ubutunzi bwaratunganije uruganda rwo kumenyekanisha ingene itegeko rigenga amafaranga Reta iriko irakoresha mu mwaka wa 2023/2024 ryateguwe, ibirigize hamwe nuko Reta yagabanganirije ubwo buryo mu bisata bikuru bikuru bigize i Gihugu. Ibirori vyokugurura icese urwo ruganda bikaba vyatunganijwe kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2023 mu Ntara ya Bujumbura Mairie k’urwego rw’intara zo muburengero no muburaruko bw’igihugu, bitewe iteka na Nyakubahwa Umushikiranganji muvyajejwe harimwo ubutunzi bw’Igihugu. Ivyo birori kandi bikaba vyuguruwe ikibiriraho, uwo musi nyene, mu Ntara ya Bururi kugwego rw’intara zomub’ubumanuko n’ubuseruko bw’Igihugu.

Ihangiro ry’urwo ruganda niryo gusigurira abaje baserukira intara, abarongoye ama komine, abahanuzi bo mwizo ntara n’amakomine abanyabigenga muma komine, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kugira bashoshobore kumenya ukwo itegeko rigenga amafaranga Reta iriko irakoresha mu mwaka wa 2023/2024 ryateguwe, ibirigize hamwe nuko Reta yagabanganirije ubwo buryo mu bisata bikuru bikuru bigize i Gihugu.

Ni akaryo keza ko kumenyesha ukwo Reta ikoresha amakori n’amatagisi kugira ngo umwenegihugu wese ashobore kumererwa neza nakare uko amakori n’amatagisi aba menshi niko n’imigambi y’iterambere ironka uburyo bufashe buyisahiriza, gutyo umwenegihugu akaboneraho kuronka akunguko. Abitabiriye urwo ruganda rero bazoheza nabo bashikirize abenegihugu barongoye, ibijanye n’iryo bwirizwa bongere barikurikize mu bijanye no gutunganya ivy’ubutunzi bw’i Gihugu aho baherereye.

Nkuko Umushikiranganji yabishikirije, iryo bwirizwa ryateguwe mugihe hariko harangurwa imigambi mishasha ijanye no kubungabunga ubutunzi bw’igihugu mu ntumbero yokuva mu nteguro y’amafaranga yisunga uburyo bwabonetse tuja mu nteguro nshasha yo gukoresha amafaranga hisunzwe ibikorwa vyategekanijwe kurangurwa ku mwaka ku mwaka.

Kubw’ivyo, ubushikiranganji bwose n’ibisata bikoresha uburyo bwa Reta, ibitaro vyose vya Reta n’ama Komine yose agize i Gihugu yarateguye uburyo buzokoreshwa mu kwerekana ibikorwa bizorangurwa hamwe n’umwimbu witezwe kugira bifashe gukurikirana neza, ukwo igice c’umwaka cose kirangiye no mumpera z’umwaka, ibizoba vyararanguwe mu bushikiranganji n’ibisata vyose bigize i Gihugu.

Mur’urwo ruganda kabaye akaryo ko kwerekana neza mu ncamake imigambi mikuru mikuru igiye gusahirizwa hisunzwe iryo tegeko. Umushikiranganji muvy’ajejwe harimwo ubutunzi yamenyesheje ko kugira iyo migambi irangurwe hakenewe kwongereza amafaranga aja mu kigenga rusangi, kuyakoresha neza, gushirahabona ivyategekanijwe gukorwa no gutanga icegeranyo uko amezi atatu (3) aheze kandi hakerekanwa ico ifaranga ryose ryakoze.

Kugira imigambi itegekanijwe kuzorangurwa mu mwaka wa 2023-2024 ishike kwihangiro atankomanzi, bisabwa ko haba: guhindura ingendo n’inyifato kuri uwo wese arabwa n’itunga rusangi hamwe no gitsimbataza umugenzo wo gushikiriza icegeranyo c’umwimbu; kwubahiriza ikoreshwa ry’amafaranga ukwo yateguwe kandi yemejwe ; Gutsimbataza ukumenyekanisha iri tegeko rishasha ry’amafaranga ya Reta y’umwaka kubabijejwe ; Gutsimbataza uburyo bwo gukurikirana ku mwanya ivyegeranyo vy’umwimbu washitsweko.

Umushikiranganji rero yahamagariye abitabiriye urwo ruganda gukurikiranira hafi ikoreshwa ryiza ry’amafaranga yashizwe mu migambi izorangurwa ku rwego rw’intara, n’ama komine baserukiye kugira ngo tuzoshike kuri rya terambere rirama. Yasavye kandi abaraho Kugira ihangiro rimwe ryo gukurikirana neza ikoreshwa ry’itunga rusangi riva mu makori n’amatagisi y’abenegihugu mu gutunganya imigambi y’iterambere neza ifatiye ku kungene yanditswe mu ndinganizo yerekana imigambi itegekanijwe mu gisata cose n’uburyo busabwa kugira iranguke mu mwaka.

Ibikorwa vy’ugusozera urwo ruganda vyabereye muntara ya Gitega, Umurwa Mukuru wa politike kw’igenekerezo rwa 11 Myandagaro 2023.