Actualités

Uburyo Igihugu gifise uko bungana kwose bushobora gukora vyinshi.

Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Ikigega ca Reta no Gutunganya Ubutunzi bw’Igihugu ariko arashikiriza inyigisho mu mwiherero watunganirijwe  abasanzwe begwa n’ikoreshwa ry’ubutunzi bw’igihugu bahurikiye mu bushikiranganji butandukanye eka mbere no mu nzego zikukira ubushikiranganji hamwe n’inzego nkuru z’igihugu.

Uwo mwiherero utegekanijwe kuva kuri uyu wambere igenekerezo rya 13 Nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga 2021, mu ntara ya Ngozi, Hotel des Plateaux ukaba watunganijwe mu ntumbero yo guhimiriza gukoresha neza amafaranga ya Reta muri uyu mwaka wa 2021/2022 hamwe no kwibukanya ivyagoranye mu mwaka wa 2020/2021 maze haenyeshwe  ingingo zibereye zigiye kwisungwa muri uyu mwaka wa 2021/2022.

Abitavye uwo mwiherero watangujwe icese kw’igenekerezo rya 13 Nyakanga 2021  bakaba basabwe gukurikirana ikoreshwa ry’amafaranga ahabwa ubushikiranganji eka n’ibisata bikukira ubushikiranganji kugira ngo umwe wese mu gisata arimwo abe ijisho eka mbere afate n’iya mbere mu guhimiriza ikoreshwa ribereye ry’uburyo bwa Reta. Kukaba nkako, bamenyeshejwe ko uburyo igihugu gifise, uko bungana kwose bushobora gukora vyinshi, na cane cane mwirangurwa ry’imigambi y’iterambere hisunzwe ibikorwa biza imbere y’ibindi kandi vyatanzwe mu nteguro y’ibizorangurwa ku mwaka.

Abitavye uwo mwiherero baronse akaryo go guhanahana ivyiyumviro, ko kubaza akababakiye na cane cane ko gusaba ngo igikorwa nk’iki came gitunganywa uko umwaka w’amafaranga utanguye.