Actualités

Uruganda Rujanye no Kumenyekanisha Itegeko Rigenga Amafaranga Reta Iriko Ikoresha mu Mwaka wa 2024/2025.

Mu ntumbero yo gutsimbataza intwaro ibereye muvy’ubutunzi, Reta y’Uburundi yarihaye intumbero yo gukorera m’umuco mu kumenyekanisha hamwe no guhamagarira umwene gihugu kumenya ibijanye n’indinganizo zitunganya amafaranga Reta ikoresha, ku mwaka ku mwaka.  Kuva igenekerezo rya 19 gushika igenekerezo rya 21 Myandagaro 2024, Ubushikiranganji muvyo bujejwe Ubutunzi, Ikigega ca Reta no Gutunganya Imigambi yiterambere bwaratunganije uruganda rujanye no kumenyekanisha Itegeko rigenga amafaranga Reta iriko ikoresha mu mwaka wa 2024/2025. Urwo ruganda rwari rwatunganijwe mucipfuzo c’uko inyuma yarwo bose bagenda bafise ihangiro rimwe ryo gukurikirana neza ikoreshwa ry’itunga rusangi riva mu matagisi yanyu, imigambi y’iterambere dufatiye ku kungene yanditswe muri ya ndinganizo yerekana imigambi itegekanijwe mu gisata cose n’uburyo busabwa kugira iranguke mu mwaka.

Ibikorwa vy’urwo ruganda vyagiye birakurikirana mu Ntara zikurikira:

– Ku Mugwa mukuruw’iGisagara ca Bujumbura intara z’Uburengero bw’Igihugu  na Bururi hahuriye abo muntara zo mu Bumanuko bw’Igihugu (igenekerezo rya 19/08/2024)

– Ngozi mu ntara zo mu Budugo, Ruyigi mu Buseruko (20/08/2024)

– Ku murwa Mukuru wa Politike I Gitega naho hahuriye intara zo hagati mu Gihugu (21/08/2024).

Muri uyu mwaka w’ 2024/2025, Reta y’Uburundi, biciye mubushikiranganji bujejwe ubutunzi, ikigega ca Reta no gutegura imigambi y’iterambere, yateguye amafaranga izokoresha uyu mwaka wa 2024-2025 hisunzwe impinduka mu ntenguro nshasha yo gutunganya amafaranga Reta ikoresha hisunzwe imigambi yateguwe. Kugira ngo ivyo bikunde, haranditswe ibitabu bishasha bitanga intumbero mu gutegura neza imigambi no gutunganya uburyo bwa Reta, bikazotuma Reta y’uburundi igira ishimikiro rikomeye mubijanye no gushira mungiro impinduka ijanye no gutegura amafaranga Reta ikoresha hisunzwe imigambi iteguwe neza.

Guhera uno mwaka, itegeko rigenga amafaranga Reta iriko irakoresha mu mwaka w’ 2024/2025 rirerekana uburyo bwaronkejwe imigambi iri mu bushikiranganji hamwe nibizoshikwako nabatwara iyo migambi. Aba nabo bazosuzumwa hisunzwe umwimbu uzoba werekanwe kuzoshikwako ku mugambi wose n’uburyo bwawugenewe, bikazotuma umwenegihugu agira ubumenyi mwikoreshwa ry’amafaranga ya Reta hamwe no kubatangakori kumenya ukw’amakori n’amatagisi atozwa yakoreshejwe.

Ihangiro ry’uru ruganda rikaba ryar’iryo gusigurira abaje baserukira intara, abarongoye ama komine, abahanuzi bo muntara namakomine hamwe hamwe n’abandi bose bashoboye kwitaba urwo ruganda kugira bashobore kumenya imigambi mikuru mikuru Reta yashize imbere hamwe n’ukwo itegeko rigenga amafaranga Reta iriko irakoresha mumwaka wa 2024/2025 ryateguwe, ibirigize hamwe nuko Reta yagabanganirije uburyo mubisata bikuru bikuru bigize igihugu. Kabaye n’akaryo keza ko kumenya ukwo Reta ikoresha amakori namatagisi kugira ngo umwenegihugu ashobore kumererwa neza.  Vyongeye, uko amakori namatagisi aba menshi, niko n’imigambi y’iterambere ironka uburyo bufashe, hama umwene gihugu akaboneraho kuronka akunguko.

Abitavye urwo ruganda basabwe nabo kuja gushikiriza abenegihugu barongoye, ibijanye n’iryo tegeko hamwe no gutunganya ivy’ubutunzi bw’igihugu aho baherereye kugira bashobore kumenya ingene amafaranga ya Reta ariko arakoreshwa.  Barongeye kandi baramenyesha ko ubushikiranganji bwose n’ibisata bikoresha uburyo bwa Reta, ibitaro vyose vya Reta n’ama commune yose agize igihugu yarateguye uburyo buzokoreshwa mu kwerekana ibikorwa bizorangurwa hamwe n’umwimbu witezwe kugira bifashe gukurikirana neza, ukwo igice c’umwaka cose kirangiye ndetse no mumpera z’umwaka, ibizoba vyararanguwe mu bushikiranganji n’ibisata vyose bigize igihugu.

Ibikorwa bikuru bikuru bigize itegeko rigenga amafaranga ya Reta yu mwaka wa 2024/2025 ni ibi bikurikira:

  • Igisata c’ubwigenge :
  • Kwubaka ibiro vy’ama komine, ibiro vy’ama zone hamwe n’ibiro vy’imitumba bizotwara amafaranga angana na miriyaridi 80,18 z’amafaranga y’amarundi;
  • Kugura ibikoresho bikenewe mu gukomeza umutekano w’abenegihugu bizotwara miriyaridi 18,08 z’amafaranga y’amarundi;
  • Kugura ibikoresho vy’igipolisi c’igihugu bizotwara uburyo bungana na miriyaridi 17,04 z’amafaranga y’amarundi;
  • umugambi ujanye no kuriha ibice 60% vyari bisigaye kuri politike ya Reta yo kunganisha imishahara uzotwara uburyo bungana imiriyaridi 75,69;
  • uburusho buzohabwa abakozi ba Reta bakora mubisata bifise amategeko yigenga buzotwara uburyo bungana imiriyaridi 22,3
  • umugambi wo gushigikira urwaruka rukora imigambi yo kwiteza imbere biciye mukigo PAEEJ uzotwara uburyo bungana imiriyaridi 25,95;
  • Umugambi wo gushigikira ukwiyungunganya muvyuburimyi n’ubworozi hamwe no gutera intege urwaruka n’abakenyezi uzotwara amafaranga angana na miriyaridi 19,13 z’amafaranga y’amarundi;
  • Umugambi wo kunagura ubushobozi, ubuhinga n’akazi kw’urwaruka uzotwara uburyo bungana na miriyaridi 70,58 z’amafaranga y’amarundi;
  • Umugambi wo guteza imbere amakomine PRODECI-TURIKUMWE uzoronswa uburyo bungana na miriyaridi 25,25 z’amafaranga y’amarundi
  •  Igisata c’ukwivuna abansi :
  • Kugurira ibikoresho abasirikare b’Igihugu bizotwara miriyaridi 10 z’amafaranga y’amarundi;
  •  Igisata c’ubutungane :
  • Kugurira imiduga sentare zo mu ntara kugira bashikire abenegihugu vyoroshe bizotwara imiriyaridi 2,52 z’amafaranga y’amarundi.
  •  Igisata c’ubutunzi bw’iguhugu :
  • Umugambi wo kurwiza akazi n’uguhingura ubutunzi (projet PRETE) utegekanirijwe miriyaridi 243,47 z’amafaranga y’amarundi.
  •  Igisata c’imibano :
  • Gushiraho ibigo vy’ihinguriro kubanyeshure (cantines scolaires) bizotwara miriyaridi 26,52 z’amafaranga y’amarundi;
  • Kuronsa uburyo abanyeshure bari muri Kaminuza y’uburundi nabo igihugu carungitse kwiga hanze y’igihugu bizotwara imiriyaridi 30 z’amafaranga y’amarundi.
  •  Igisata c’ukugwiza umwimbu n’amahinguriro :
  • rusansuma rusangi rw’abenegihugu, uburaro, uburimyi hamwe n’ubworozi rwategekanirijwe miriyaridi 20,60 z’amafaranga y’amarundi;
  • umugambi wa Reta wo gutanga ifumbire kubarimyi mugihugu bizotwara uburyo bungana imiriyaridi 228,60 z’amarundi.
  •  Igisata c’inyubako :
  • Kwubaka inyubako z’ikigo kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi (OBR) bizotwara amafaranga angana na miriyaridi 29,06 z’amafaranga y’amarundi;
  • Kubaka no gusanura inyubako z’ubuvuzi bizotwara imiriyaridi 41 z’amafaranga y’amarundi;
  • umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi uzotwara uburyo bungana imiriyaridi 258,28.

Ivyo vyose kugira bishoboke hakenewe kwongereza amafaranga mu kigega rusangi, ababijejwe bakitwararika kuyakoresha neza. Kubwivyo, mwitegeko ry’amafaranga ya Reta y’umwaka wa 2024/2025 igisata cose kirerekana ivyategekanijwe gukorwa. Nkukwo bisanzwe, ukwo amezi atatu aheze, haratangwa icegeranyo cerekana ukwo ifaranga ryose ryakoze hisunzwe ivyategekanijwe gukorwa murico kiringo.

Mugihe ubutunzi bwegeranijwe mu buryo bw’amafaranga, buraheza bugakoreshwa mu bikorwa vya misi yose ubundi bukaja mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu mu migambi izamura ubutunzi igatanga n’akazi.

Abaraho bose bahamagariwe  kwitwararika gukurikiranira hafi ikoreshwa neza ry’ubwo butunzi kugira ngo ntihabe inyuruzwa, isesagurwa canke ikoreshwa nabi ry’ubwo butunzi mubikorwa bisubiza inyuma iterambere ry’igihugu. Baranamenyesheje ko Umwenegihugu wese asabwe kwitaho no kubungabunga itunga rusangi. Baranasavye abaraho bose gukurikiranira hafi ikoreshwa neza ry’amafaranga azokora mu migambi izorangurwa mu ntara no muma komine mwaserukiye kugira izodushikane kw’iterambere rirama.